Kirundi ▪ Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Umwumvikano Muke mu Nama Nshingamateka y’Uburundi


25/02/2008
Umwunvikano Muke mu Nama Nshingamateka y'Uburundi - Umva (MP3) audio clip
Umwunvikano Muke mu Nama Nshingamateka y'Uburundi - Umva (MP3) audio clip

Inyuma y’aho umugambwe CNDD-FDD ukuriye Alice Nzomukunda mu mugambwe, ukongera ukamukura mu kibanza c’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, abashingamateka bamwe bo mu mugambwe Frodebu baciye basaba umugambwe CNDD-FDD kubanza gusigurira ugwego gw’inama nshingamateka icatumye Alice Nzomukunda akurwa mur’ayo mabanga.

Umushingamateka arongoye umugwi w’abashingamateka bakomoka mu mugambwe Frodebu, Pierre Claver Nahimana, avuga ko Alice Nzomukunda atwara abashingamateka bahurikiye mu migambwe itandatukanye, ngo kikaba arico gituma atoca akurwa mu mabanga y’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, abashingamateka batihweje amategeko yisunzwe mu kumura mur’ico kibanza.

Umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD, Onesime Nduwimana, wewe siko abibona. Avuga ko mu gihe Alice Nzomukunda akuwe mu mugambwe CNDD-FDD, ntashobora kuguma mu kibanza c’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, kuko yakironse kubera ko yari mu mugambwe CNDD-FDD.

Nduwimana arongera akavuga ko mu gihe abashingamateka bo mu mugambwe Frodebu bashaka ko aguma mur’ico kibanza, ngo bakwiye kubanza kumushira mu mugambwe wabo, hanyuma bakamuha ikibanza cegukira uyo mugambwe.

Ido n’ido ry’ivyashikirijwe n’abo bashingamateka mur’iki kiganiro gikurikira:

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Ihagarikwa ry'Abayobozi ba FARG mu Rwanda

  Andi Makuru
Abakurikiranweho Icyaha cyo Kugambanira Igihugu mu Rwanda
Itangira ry'Umwaka w'Amashuri 2009 mu Rwanda
Urubanza rwa Makeli Dominique mu Bujurire
Ibiciro vy'Ibidandazwa mu Burundi
Ikigega cy’Ubwisungane Rwanda Diaspora Mutual Fund
Bimwe mu Byabaye mu Rwanda mu Mwaka wa 2008.
CAN y'Abatarengeje Imyaka 20 i Kigali
Perezida Kagame ku Vyerekeye Nkunda