VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

10 Ukwezi kwa Mbere 2009 

Inkuru Igezweko:

Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
  Urutonde rw'Ibiganiro Byacu

Umvira Ijwi ry'Amerika Hano

Iradio Ijwi rya Amerika mu Kirundi n'Ikinyarwanda itangaza amakuru y’ibiriko birabera muri Afrika, Amerika, ndetse no kw’isi yose. Hariho kandi n’ibiganiro bijanye n’imigambi ya demokarasi, intwaro rusangi, uburenganzira bw’ikiremwa muntu, ubutunzi, ukubaho kw’abanyagihugu n’iterambere.

Imisi yose, kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu, ibiganiro vy'iradio Ijwi rya Amerika bitangurira ku makuru aramvuye isaha cumi n'imwe n'igice, mu gitondo. Ayandi makuru aramvuye yongera kwumvikana isaha cumi na zibiri zuzuye. Amakuru y'isaha cumi na zibiri akurikirwa n'inkuru nyamukuru.

Ibiganiro vy'iradio Ijwi rya Amerika mu Kirundi no mu Kinyarwanda vyumvikanira no kuri radio RPA (Radio  Publique Africaine) i Bujumbura mu Burundi, iradio Ijwi rya Toro mu gisagara ca Fort Portal m'uburengero bw'igihugu c'Ubuganda, iradiyo Ijwi rya Kigezi, iri i Kabale, m'ubumanuko bw'igihugu c'Ubuganda, no kuri Radio Free Africa, iri i Mwanza, mu gihugu ca Tanzania.

Kinyarwanda/Kirundi 0330-0430 UTC 6095  7340  11905   1600-1630 UTC 11905  15430  17725

Muri make tubiganire uko ibiganiro vyacu bimeze n'ico vyibandako:

AFRIKA MU BINYAMAKURU
Iki kiganiro “Afrika mu binyamakuru” mwumva imisi yose ku musi wa gatanu mu gitondo, kibashikiriza incamake y’ivyanditswe kuri Afrika mur’iyo ndwi irangiye, mu binyamakuru vyo muri Leta Zunzubumwe za Amerika.

Cyumvikana buri wa kane, saa kumi n'ebyiri na 50.

IBINYAMAKURU MU BIYAGA BIGARI
Ni ikiganiro gikusanya inyandiko z'ibinyamakuru byo mu karere k'ibiyaga bigari, cyane cyane ibyo mu Burundi no mu Rwanda.

Cyumvikana buri wa kabiri, saa kumi n'ebyiri na 50.

AKARANGA K'AMERIKA
Ikiganiro “AKARANGA K'AMERIKA” arico “Americana” m’ururimi rw’Icongereza, n’ikiganiro nk’uko ijambo Americana ryo nyene ribivuga, kibiganira k’uburyo bwiharije ibintu bikuru bikuru vyaranze kahise k’igihugu ca Leta Zunzubumwe za Amerika. Ico kiganiro kibashikiriza ivyabaye muri kahise, n’ibiriko biraba mur’iki gihe ariko bizoguma vyibukwa muri kahise ka leta Zunzubumwe za Amerika, hamwe n’inkurikizi zavyo.

Cyumvikana buri wa gatatu, saa kumi n'ebyiri na 50

IKIGANIRO CY'UBUZIMA
Ikiganiro gishikiriza uburyo bwo kwirinda ingwara zitandukanye hamwe no kuzivuza. Mur'ico kiganiro abanyagihugu, bararonka impanuro zikomeye ku vyerekeye ingwara zitandukanye, zibageramiye.
Muri iki kiganiro tubagezaho kandi n'ibisubizo ku bibazo bireba ubuzima, mutwandikira musobanuza muganga. Hakoreshejwe ibisobanuro bya Muganga ubizobereyemo, kandi biri mu magambo ataruhije kumvikana, iki kiganiro gifasha abantu b'ingeri zose kurushaho gusobanukirwa bimwe mu bibazo by'ubuzima bibugariza iminsi yose.

Cyumvikana buri wa gatatu, saa kumi n'imwe na 45.

DUHUGUKIRE DEMOKRASI / TUJE INAMA N'INGINGO
Iki kiganiro gisobanura amahame remezo demokrasi ishingiyeho. Gishimangira cyane ubutegetsi bw'abaturage. Kigaruka kenshi ku ngingo zijyana n'ubutegetsi bugendera ku matora, imyubahirize y'amategeko n'uburenganzira bw'ikiremwa-muntu, ubwisanzure mu bitekerezo no mw'itangazamakuru, ubutandukane bw'inzego z'ubutegetsi ndetse n'uruhare rw'imiryango idashingiye ku leta mu gutoza abaturage demokrasi. Iki kiganiro gishimangira ko demokrasi ari ubutegetsi bw'abaturage, bushingiye ku baturage kandi bukorera abaturage.

N'ikiganiro kandi gishira imbere umugambi wo kurekuriranira no gutora inyishu z'amatati ari mu bantu, biciye mu biganiro. Mucumva imisi yose ku musi wa mbere mu gitondo, saa kumi n'imwe na 45. Kibashikiriza ingene abanonosoye ivyerekeye gutorera umuti amatati, bagerageza gushira mu ngiro imigambi irashe yo kwumvikanisha abashamiraniye. Mur’ivyo biganiro duhera ubwa mbere na mbere ku ngorane zo mu karere k’ibiyaga binini, hanyuma tukaja muri Afrika yose, imbere yo kwihweza ingorane zo mu tundi turere ziraje ishinga amakungu.

Cyumvikana buri wa mbere saa kumi n'imwe na 45.

DUSANGIRE IJAMBO
Iki iganiro gihita buri ku cyumweru, kigamije gufasha abatuye akarere k'ibiyaga bigari kwimenyereza umuco wo kuganira, kwihanganirana, gusuzumira hamwe ibibazo byugarije ibihugu byabo no gushakira hamwe ibisubizo. Umunyamakuru Etienne Karekezi, umwe mu babagezaho iki kiganiro, asanga kuganira ari byo bishobora gutuma abatavuga rumwe basobanukirwa ibyo batumvikanaho, akenshi bitari byinshi, bakabona uko bumvikana ku bibafitiye inyungu bose. Karekezi kandi asanga buri muntu wese aba afite igitekerezo gishobora kugirira abandi akamaro ku buryo kitagomba gusubizwa inyuma. Kuva yatangira, Dusangire Ijambo yatumye abanyapolitiki bo mu karere k'ibiyaga bigari, ubundi batifuzaga no kumva aho undi yaba avugira, bagera aho bakaganira bafashijwe na micro y'Ijwi ry'Amerika.

Ikiganiro DUSANGIRE IJAMBO kandi n'ikiganiro gihuza abarundi bose bafise ivyiyumviro bitandadukanye. Mur'ico kiganiro abantu baraheza bakavugana ukuri badahishanya, bakungurana ivyiyumviro kugira ngo ibintu vyose badahuriyeko babishire ahabona,maze bagerageze no kubitorera umuti. Ikiganiro Dusangire Ijambo kiba imisi yose ku wa mungu mu gitondo. N'ikiganiro gishikirizwa mu rurimi rw'ikirundi no mu rurimi rw'ikinyarwanda. N'ikiganiro gifise uruhara ruhambaye ku bantu bose bashigikiye amahoro, iterambere na demokrasi.

Cyumvikana ku cyumweru saa kumi n'ebyiri na 40

DUSUSURUKE
Buri wa gatandatu saa kumi n'ebyiri n'iminota 36 Ijwi ry'Amerika ribagezaho umuziki wo hirya no hino ku isi. Muri icyo kiganiro kandi tuvuga ku buzima bw'abaririmbyi cyangwa se tukaganira na bo. Hari n'igihe tubagezaho umuziki gusa kugira ngo tubashimishe cyangwa se tukabagezaho n'indirimbo mwadusabye.

Cyumvikana buri wa gatandatu saa kumi n'ebyiri na 40

EJO BITE
EJO BITE ni ikiganiro abakiri batoya mu karere k'ibiyaga bigari baboneramo urubuga rwo kuvuga ibibazo bibahangayitse nk'ubuzima, amashuri, umurimo n'ibindi. Harimo amakuru y'ingeri zose, udukino tw'abana, ikinamico n'ibindi byinshi.

Cyumvikana buri wa gatandatu, saa kumi n'imwe na 30.

IKIGANIRO C'INKINO
Dukwirikirana ubwoko bwose bw'inkino ziba kw'isi yamara dushimikira cane cane ku mupira w'amaguru, ukunonora imitsi, urukino rwa Basket Ball, ugukubitana ingumu na Tennis. Tugerageza kandi gushimikira cane cane ku nkino zibera mu karere ka Afrika.

Cyumvikana mu gitondo ku wa mbere no ku wa gatatu saa kumi n'ebyiri na 50.

IKIGANIRO C'UBUTUNZI
Ku vyerekeye ikiganiro c'ubutunzi, dukwirikirana inkuru zerekeye ibibazo bijanye n'ubutunzi hamwe n'ubudandaji. Dutanga inkuru zose zikomeye zijanye n'ibibazo vy'ubutunzi n'ubudandaji kw'isi. Nshimikira cane cane ku nkuru zijanye n'ubutunzi hamwe n'ubudandaji zibera mu ntara ya Afrika. Ntitwibagira kandi inkuru zijanye n'ubuhinga bugezweko mu bihe vya none, kubera imirimo nka yose kw'isi itera yisunga kurushiriza ubwo buhinga.

Cyumvikana buri wa kabiri saa kumi n'imwe na 45.

MURISANGA KU IJWI RY'AMERIKA
Iki ni ikiganiro kibaha umwanya wo kutugezaho ibitekerezo byanyu kuri gahunda y'i Kirundi n'i Kinyarwanda. Niho abakunzi b'ijwi rya Amerika batugaragariza inkunga yabo, batubwira ibyo bumva bibanogeye, icyakorwa kugirango barusheho kunogerwa, ndetse bakaboneraho uburyo bwo kwungurana ibitekerezo n'abandi bakunda ibiganiro by'ijwi rya Amerika. Amabaruwa tubona aturuka mu bihugu bitandukanye, yandikwa n'abantu b'ingeri zose, kandi avuga ku bintu bitandukanye. Dukeka ko muri programu ya radio nk'iyi kimwe no mu myubakire y'igihugu, abantu bagomba guhabwa urubuga bakavuga ikibari ku mutima. Uru ni urubuga rwanyu.

Cyumvikana ku cyumweru saa kumi n'imwe n'iminota 50

URUBUGA RW'UMURYANGO
Tumaze kubona ko umuryango ari wo nkingi y'igihugu, kandi imiryango myinshi yaratatanye,twasanze ko guha urubuga umuryango byatuma abantu benshi barushaho kureba uko wasubirana nyuma y'amarorerwa yugarije akarere k'ibiyaga bigari kuva mu 1990. Iki kiganiro ku muryango, tuvuga ku bagize umuryango n'imibereho yabo, ingorane bahura nazo, n'uburyo babyifatamo. Tuvuga ku miryango iri mu karere k'ibiyaga bigari ndetse n'iya benewabo bari hirya no hino kw'isi. Bimwe mubyo tubaganirira harimo uburezi, n'uburere, umuco, imibanire mu muryango, ibyiza by'umuryango, n'ibindi byafasha umuryango gutera imbere.

Cyumvikana buri wa gatatu, saa kumi n'imwe na 45.

Umvira Ijwi ry'Amerika Hano