Integuro y'itegeko risubiramwo amafaranga reta ikoresha
mur'uno mwaka w'i 2008 riha amafaranga imiriyaridi zibiri n'imiriyoni amajana
indwi ibiro vy'umukuru w'igihugu n'imiriyoni amajana ane ibiro bijejwe
iperereza r'umukuru w'igihugu.
Imiriyaridi zibiri ni amafaranga yahawe umukuru w'igihugu
kugira afashe abanyagihugu mu bikorwa vy'iterambere nk'uko vyanditswe mu
nsiguro zitangwa n'abo mu kigega ca reta bateguye iryo tegeko. Imiriyoni
amajana indwi nazo zigenewe imiduga yo kwa perezida.
Ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n'isesagurwa
ry'amatungo ya reta ritangaza ko itangwa ry'ayo mafaranga ryerekana neza ko
harimwo gusesagura no gushaka kunyuruza amafaranga y'igihugu. Gabriel Rufyiri
atwara OLUCOME abona ko amafaranga y'iterambere ry'abanyagihugu yari guca mu
bushikiranganji bubijejwe ati ntivyumvikana ingene yoca mu biro kwa perezida.
Iperereza ryongewe amafaranga mu gihe mu ntango y'uno mwaka
ivyo biro vyari vyahawe imiriyaridi zine. OLUCOME ivuga ko amafaranga yo
mw'iperereza akoreshwa nabi cane, kenshi ngo aduza amazu y'abantu. OLUCOME ifise
impungenge z'uko ayo mafaranga yose yongerejwe ashobora kuba agenewe gukoreshwa
mu matora yimirije n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.
Integuro y'itegeko risubiramwo amafaranga reta ikoresha
mur'uno mwaka rirongera ubushikiranganji bw'uburimyi ibice bitatu kw'ijana.
OLUCOME irashima iyo ngingo.
Mu misi iri imbere Inama nshingamateka niho izokwemeza iyo
nteguro. Mu Nama nshingamateka, ubu umugambwe uri k'ubutegetsi ufise
abashingamateka bashobora kwemeza itegeko rikarenga n'aho abashingamateka bo mu
yindi migambwe boba basohotse canke banse kwemeza itegeko.